You are here

Ibintu bine Biteye Ubwoba vy’Impwemu vyigishwa n’Ishirahamwe Ry’ Ivyabona Vya Yehova

Printer-friendly version

Ibintu bine Biteye Ubwoba vy’Impwemu vyigishwa n’Ishirahamwe Ry’ Ivyabona Vya Yehova

Ishirahamwe ry’Ivyabona Vya Yehova ryerekana ubwaryo, ko ari umurwi w’abakristo wisangi je wonyene kw’isi yose. Ubwo rero uwo muryango, ngo nka amashengero yose, nk’ishengero katolika canke ishengero ryaba Protestant, ngo yigisha ibitarivyo, ngo Imana izorandura umuntu wese atari icabona ca Yehova. Icogihe, tugenzuye uwo murwi kurivyo dusanga barazimiye. Raba ibintu bine munyigisho z’Ivyabona vya Yehova:

1. Ivyabona vya Yehova bahakana inyigisho zúrufatiro rwa Bibiliya.

IVYABONA VYA YEHOVA NTIBEMERA KO YESUKRISTO ARI IMANA. Bigisha igihushane ko; Yesu-Kristo ari umumarayika, núkuvuga icaremwe n’Imana.

Kenshi Bibiliya yigisha neza bigaragara ko Yesu Kristo ari umwana w’Imana. Akarorero ni mu Abaheburayo 1:8 Imana ibarira umwana: Ubwami bwawe, O Mana, ntibuzogira; iherezo … Niyindi mirongo ivyemeza nka; Yohana 1:1,14, 20:26-28, Ivyakoz 20:28, Abaroma 9:5, Abaheb 1:3, 8-9.

IVYABONA VYA YEHOVA BAHAKANA IZUKA RY’UMUBIRI WA YESU-KRISTO. Bigisha igihushane ko umubiri wa Yesu wíyerekana. Charles Taze Russell, uwatanguje ishirahamwe ry’ivyabona vya Yehova, avuga munyigisho ziwe: ko Yesu yapfuye urupfu; rutabaho. (Studies in the Scripture, Vol. 5, 1899, p. 454.)

Icogihe, Bibiliya yigisha igaragaza ko umubiri wa Yesu wasubiye kuba muzima. Turavye akarorero Luka 24:39 Raba ibiganza; vyanje n’ibirenge vyanje ni jewe vyukuri, nimunkoreko murabe, impwemu ntigira inyama na amaraso, nkuko mumbona ndi “soma Yohana 2:19-21, Yahana 20:26-28, 1 Abikorint 15:6,14.

IVYABONA VYA YEHOVA BAHAKANA MPWEMU YERA KO ATARI IMANA. Bigisha bavuga igihushane ko Mpwemu Yera afise ubushobozi kuruhande rwiwe nkakurya kw’ubushobozi bw’umuriro w’umuyagankuba.

Ubwo rero Bibiliya iragaragaza ko Mpwemu Yera ari Imana, Ivyakozw 5:3-4 Petero avuga ari: Ananiya kubera iki satani yuzuye umutima wawe, kugirango uhende Mpwemu Yera sabantu uheze ariko uhenze Imana, soma Yohana 14:16-17, 16:13-15, Abaroma 8:26-27, 2 Abikorinto 3:6,17-18, Abanyefeso 4:30.

IVYABONA VYA YEHOVA BAHAKANA AGAKIZA KO ATARI INGABIRE Y’IMANA KO ARI INTSINZI CANKE UKUGOMBA. Bavuga igihushane, ko twokwifatanya tugahinduka abo mw’ishirahamwe ry’ivyabona vya Yehova ngo tukaba duhunze urubanza.

Kenshi Bibiliya yigisha kumugaragaro ko agakiza atari itsinzi canke ukugomba ariko n’ingabire y’Imana. Abanyefeso 2:8-9 ni kubwu ubuntu bwatumye mukizwa kubw’ukwizera ntivyavuye kuri mwebwe, n’ingabire y’Imana, sikubw’ibikorwa, kugirango ntihagire uwirarira. Soma Abaroma 4:1-4, Abigalatiya 2:16, Tito 3:5.

IVYABONA VYA YEHOVA BAHAKANA UMURIRO W’IMANA KUBANTU BACUMUYE. Bavuga kko abanyavyaha bazokurwaho ntibabe bakibaho.

Ariko Bibiliya ivuga neza k’umuriro w’ibihe bidashire kubantu bacumuye Matayo 25:41-46 kandi azobwira abari ibumoso ati: mviruhande mugende mumuriro wibihe vyose wateguriwe satani nabantu; biwe ... nirwo ruzoba urupfu rw’ibihe bidahera, ariko abagororotsi ni mubugingo budashira. Soma Matayo 18:8-11, 2 Tesalonike 1:8-9, Ivyahishur 14:10-11, 20:10,15.

IVYABONA VYA YEHOVA BAHAKANA KO UMUNTU N’IMPWEMU YIWE KO BITAZOSUBIRA KUBAHO AMAZE GUPFA. Bigisha igihushane kubugingo bw’umuntu iyo apfuye ngo nicokimwe n’ibikoko.

Ubwo kenshi Bibiliya ivuga neza ko mpwemu ariwe muntu iyo umuntu apfuye ashishikara kubaho mubundi buryo amaze gupfa: soma 2 Abikorinto 5:8, Turushirize gukundana no kugiriranira ubumwe kuko nitwamara kuva muruyu mubiri tuzokwibera iruhande y’Umwami. Soma Luka 16:19-31, Abifilipi 1:23-24, Ivyahishh 6:9-11.

IVYABONA VYA YEHOVA BIGISHA YUKO UBUGINGO BUDASHIRA ARI MUKWIYEREKANA KW’IMANA MUGITIGIRI GITOYA CATORANIJWE. Bemeza ko hari umurwi ugizwe nigitigiri 144.000 bo muvyabona way Yehova bavutse ubwakabiri bazobana n’Imana ibihe bidashira mw’ijuru. Ngo ibindi vyabona vya Yehova basigaye bose bazoguma kw’isi.

Ariko Bibiliya ivuga neza ko abantu bose bemeye kwizera Yesu Kristo bazobaho ibihe vyose hamwe n’Imana. Bibiliya yerekana umurwi munini atawoshobora kuwuharura. Ivyahish 7:9-15 Inyuma yivyo nditegereza bona abantu benshi cane, atawoshobora kubaharura bo mumoko yose, na amahanga yose, nindimi zose, bahagaze imbere y’intebe y’Imana bamukorera kumura ngo no nw’ijoro murusengero rwiwe: soma Yohana 3:15, Yohana 5:24, 12:26, Abanyef 2:19, Abigilipi 3:20, Abikolosayi 3:1, Abaheburayo 3:1, 12:22, 2 Petero 1:10-11.

IVYABONA VYA YEHOVA BAHAKANA KO BITATU BIBA KIMWE KO ABANTU BATATU BABA IMANA (UBUTATU) BAVUGA KO UBUTATU ARI UMUGEZO WA SATANI. Barataye umurongo w’ivyanditse vyerekana ko Yesu ari Imana ko na Mpwemu Yera ari Imana.

Muricogihe, Bibiliya ivuganeza ko umwana na Mpwenu Yera ari Imana mururwo rugezo rwose. Yohana 1:1, 20:28, 1 Yohana 5:20, Ivyakozw 5:3-4, Bibiliya ivuganeza ninko mezi ko ari Imana imwe yonyene Yesaya 43:10, 44:6-8 nahandi ivugako bitatu bigize Imana Kimwe - Ubutatu.

Ubwo ntibiteye ubwoba gukurikira ishirahamwe rihakana urufatiro rwa Bibiliya?

2. Ivyabona vya Yehova babeshera Bibiliya.

Umurongo w’Ivyabona vya Yehova bashishikara gukwiza amajambo y’ibinyoma ahushanye na Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bakoresha icobita ihinduka ry’isi shasha. Iryo shirahamwe rigararize bigaragara muguhindura imirongo yo muri Bibiliya. Iryo hindurwa bagerageje kunyegeze munyigisho y’Ivyabona vya Yehova ariko Bibiliya ntibesha.

 

EHERABA URUTONDE BAGERERANIJE MUMIRONGO Y’IGIRAKAMARO MURI BIBILIYA YERA HAMWE NIMIRONGO YAHINDUWE MW’ISI SHASHA Y’IVYABONA VYA YEHOVA
BIBILIYA YERA IHINDURWA RY’ISI SHASHA
Yohana 1:1 — “Ubwambere na mbere jambo yariho, kandi uwo jambo yahoranye n’Imana, kand’uwo jambo yari Imana.”

Ahotubona neza ko Yesu ari jambo ari Imana.
Yohana 1:1 — “Ubwambere na mbere jambo yariho, kand’uwo jambo yari kumwe n’Imana kand’uwo jambo yari ku Mana.”

Ihinduka ngo yarikoze mugushigikira iciyuviro c’Ivyabona wya Yehova bafatirako ko Yesu atari Imana.
Abikolosayi 1:16 — “kuko muriwe ariho vyose vyaremewe … vyose kuriwe niho vyaremewe kandi kubwiwe.”

Aha higisha ko Yesu ari umuremyi wa vyose ariko we ntiyaremye.
Abikolosayi 1:16 — “Kuko kubwuburyo bwiwe ibintu vyose vyararemye nibindi vyose vyararemye biciye kuriwe no kubwiwe.”

Ivyaboma way Yehova barakosheje mukwogeramwo ijambo “ibindi” kugirango bashigikire inyigisho zabo zibinyoma ko Yesu ari umumarayika yaremwe.
Abaheburayo 1:8 — “Ariko yabwiye umungu wayo ubwami bwawe Mana buhoraho.”

Vyerekana ko Imana Data yise Yesu umuhungu wayo “Imana.”
Abaheburayo 1:8 — “Ariko kuvyerekeye umuhungu: Imana niyo nganji yawe ibihe vyose.”

Ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova urutonde rw’amajambo kugirango banyegeze ko Yesu ari Imana.

Ubwo ntibiteye ubwoba gukurikira ishirahamwe ricishamwo umurongo muvyanditswe vyera?

3. Ivyabona Vya Yehova Bavugako Ivyavigishijwe Bi Dashobora Gushika Vyose.

Abarongozi b’Ivyabona vya Yehova bemeza bavuga ko muri iri zina Yehova hamwe n’ubushobozi bw’ivyavugishijwe ngo ariko vyinshi ko bidashobora gushika. Akarorero, nkivya Haramagenoni n’ivyimpera y’isi ngo vyari kuba 1975. Ivyo vyerekana ubuzimire bwabo, hamwe nivyo Ivyabona way Yehova bunomusi bari musi cane y’ubuzimire bw’ubutumwa bwiza. Kandi biroroshe cane kubisuzuma ufashijwe nivyanditse vyera.1

Ishirahemwe ry’Ivyabona vya Yehova bagereranya ko umuhero w’isi wobaye; muri 1914 na 1915 canke 1918 canke 1948. Bavuga ko Aburahamu, Isaka, na Yakobo bari kuzuka muri 1925. Ubuvugishwa bwabo ntibwashitse namba.2 Bibiliya ivuga ko umuvugishwa avuga ibintu ntibibe vyerekana ko ari umuvugishwa w’ibinyoma. Gusubiramuvyagezwe 18:21-22.

Ubwo ntibiteye ubwoba gukurikira umuryango uvuga ubuhanuzi budashobora gushika?

4. Umuryango w’Ivyabona vya Yehova bakora bakoresheje ubushobozi bwabo.

Ubwo rero igitigiri kinini cabo c’ivyavugishijwe ntivyashoboye gushika. Ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova bavuga inyigisho zabo zisangije nizindi dini abo bavuga ko aribo bonyene ari; abakristo bukuri. Ivyabona vya Yehova bemeza ko aribo bonyene bigisha ivyukuri vy’impwemu. Bigisha yuko utemera kwifatanya n’umuryango wabo ko ibiri kw’isi bizosambuka mugihe ca Haramagedoni kirestse Ivyabona vya Yehova.

Ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova ryerekana kuruhande rw’abanywanyi bayo kwemera ko atakwakira namba amategeko; yikintu nakimwe gisobanurwa muri Bibiliya bimenyeshwa nuwo muryango.

Akarorero, umuryango w’Ivyabona vya Yehova ntibemera gutanga amaraso, umwe mu vyabona vya Yehova arapfa canke bakamureka, arareka abana biwe bagapfa hako babatera amaraso mugukurikiza iryo tegeko. Ariko ivyanditse ntivyerekana namba ko guterwa amaraso bibujijwe. Ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova rivuga ko icabona cose ca Yehova azokwica iryo tegeko zaosamburwa nugihe ca Haramagedoni mugihe c’imanza z’umuhero.

Nicogituma abarongozi babo bakorana ubwoba ko bigoye kwakira no kugumya mukwemera iryo tegeko ryuwo muryango. Abarongozi b’ivyabona vya k’uvyumujero w’isi n’impera yisuzumwa ubwoba bwabo bukurikira.

Ubwo ntibiteye ubwoba gukurikira umuryongo ushaje mubushobozi bwawo muburyo bwo guhanwa?
 



Hariho ibice bine biteye ubwoba vy’impwemu biri mw’ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova. Ushobora kwibaza kubibazo bikurikira: Niki ubutumwa bwiza bwa Bibiliya? Ibice bine bikurikira vyerekana ukuri kw’ubutumwa bwa Yesu Kristo nkuko Bibiliya Yera ibivuga.

GUTE TWORONKA AMAHORO HAMWE N’IMANA

Inkuru ya Bbibliliya yerekana ibintu bine bigaragara:

1. Ivyaha vyacu nivyo bidutandukanya n’Imana mukubaho kw’ukuri.
Kuko twese twacumuye m’urubwo bwiza bw’Imana Abaroma 3:23
Kandi ingero y’icaha, n’urupfu, ariko ingabire y’Imana, n’úbugingo budashira buboneka muri Yesu Kristo umukiza wacu. Abaroma 6:23.

2. Ntidushobora kwikiza ubwacu.
Ntidushobora kwitunganya imbere yiwe ubwacu kubw’ibikora vyivyagezwe, kuko ivyagezwe vyashaje vyerekana icaha Abaroma 3:20.
Ntidukizwa kubw’ibikorwa vyiza twakoze, ariko dukizwa kubw’imbabazi zayo, mumubatizo w’urunganwe tugatunganwa kubwa Mpwemu Yera. Tito 3:5.

3. Yesu Kristo n’inyishu y’Imana kubw’ivyaha vyacu.
Kuk’urukundo Imana yakunze abaari mw’isi asirwo rwatumye itanga umwana wayo w’ikinege uwumwizera wese ntazapfe rubi, ariko ahabwe ubugingo budashira. Yahana 3:16
Yesu yababajwe rimwe kubw’ivyaha vyacu, we are umugorotsi aba umunyavyaha, kugira ngo adushikane ku Mana. 1 Petero 3:18

4. Dutegerezwa kwakira Yesu ubwacu m’ukwizera hanyuma tukaronka guharirwa ivyaha vyacu n’ubugingo budashira.
Arikw’abamwakiriye bose (Mw’ijambo) bakizera muriryo zina (Mw’ijambo) yabahaye ububasha bwogucika abana b’Imana. Yohana 1:12
Niwaturisha akanwa ko Yesu ari umukiza ukizera mumutima wawe ko Imana yamuzuye mubapfuye uzokizwa. Abaroma 10:9



ISENGESHO

Niwaba umutima wawe ukozweko nuku kuri kw’ijambo ry’Imana, niwishure vuba na; vuba mugusenga usaba imbabazi kuvyaha vyawe uca uhabwa ubuzima busha muri Kristo.

Isengesho ryoroshe kandi rikurongora mw’ijambo ry’ukwizera muri Yesu Kristo kugira wakire agakiza.

Mana y’ubushozi kandi yuzuye imbabazi, ndatahuye ko mfise ivyaha bikubabaza nakoze ijambo ryanje ni imigabo; yanje, nsanze ntagororotse kandi ntashobora kwikiza, ndagushimiye ko warungitse umwana wawe Yesu Kristo yaje agasesa amaraso yiwe kubwanje, ndasavye imbabazi kubwivyaha vyanje, kandi ndizeye muri Yesu Kristo yapfuye mukibanza canje kandi yarazutse mubapfuye Amen.


 
Endnotes

1. Umunara winderetsi wa 15 Myandagaro 1968 urupapuro 499,Igikorwa cubwami,muri Rusama 1974,urupapuro.3.

2. Igihe kiri mukiganza,1906 ikinyamakuru,pp.99,101,umusi mukuru wa Pasitori Russell,mu kinyamakuru co muri 1917,urupapuro.676,Ibanga ryaheze,1918,pp.404,485,Umunara winderetsi,w italike 1 Nyakanga 1922,urupapuro,262,Umunara winderesti,w italike 15 Nyakanga 1941,urupapuro.288,pp.88-90